UBM News ads

Uburundi ,igihugu ca mbere co muri afrika cadandaje amabuye y-agaciro menshi mu mwaka w-2019.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Nkuko tubisanga k-urubuga rw-ikinyamakuru statista.com , igihugu c-uburundi kiza ubwa mbere k-umugabane wa Afrika kikongera kikaza ubw-icenda kw-isi yose mu bihugu vyadandaje mu mwaka w-2019 amabuye y-agaciro bita ˮ terres rares‟ aho ico gihugu candandaje amatoni agera ku majana atandatu ˮ600 tonnes‟Burundi, premier producteur de terres rares en Afrique

Tubamenyeshe ko ayo mabuye y-agaciro asanzwe acukurwa mu ntara ya Bujumbura, benshi bita Bujumbura-Rural neza na neza ku mutumba Gakara uri muri komine Mutambu. Nkuko bimenyeshwa na Sosiyete Rainbow Mining Burundi isanzwe icukura ayo mabuye y-agaciro mw-ico kibanza, imenyesha ko amatoni agera kuri miriyoni imwe irenga ariyo azocukurwa mw-ico kibanza mu kiringo c-imyaka 25. Ku vyirwa vyakozwe mu mwaka w-2018, amabuye y-agaciro akomoka mu Burundi yashizwe k-urugero rw-amabuye yo kw-isi afise ibiyakozwemwo binini.Le Burundi relance l'exploitation des terres rares - Afrique économie

Ku rwego rwo kw-isi, ikinyamakuru statista.com cerekana ko igihugu c-ubushinwa kiza ubwa mbere aho  kifise conyene amabuye y-agaciro ari k- urugero rw-ibice rwa  47% aho caronse umwimbu w- amatone 132000 mu mwaka w-2019. Hagakwirikira Leta zunzubumwe za Amerika cinjije  amatone 26000,  hagasubira igihugu ca Australie cinjije amatone 22000 hama hakaza igihugu ca Birmanie ku matone 21000 cimbuye.

Mu kurangiza, Twobabwira ko amabuye y-agaciro  y-igihugu cuburundi acukurwa ku musozi wa Gakara ariyo ya mbere amaze kwimbwa muri Afrika kuva mu mwaka w-2017.Ibindi bihugu  vya Afrika nka : Afrika y-epfo, Nambiya, Tanzaniya hamwe n-igihugu ca  Angola vyamaze kwitegurira kwimba ubwo butare buri ku gataka k-ibihugu vyabwo.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments