Gusubizwa ibikoko vyo m -ubwoko bw-imafu biri muvyo Ndayishimiye azovugana na mugenzi we wa Kenya.

0

Mu gihe kuruwu wa 31 Rusama 2021 ariho azofata urugendo rumushikana mu gihugu ca Kenya, Umukuru w-igihugu c-uburundi Perezida Evariste Ndayishimiye aritezwe kuzobonana na mugenzi we wa Kenya Perezida Uhuru Kenyatta aho bazoganira ku bijanye n-iterambere, ugutsimbataza imigenderanire isanzwe iri hagati y-ivyo bihugu bibiri kuva kera hamwe no kurabira hamwe ukwo ivyo bihugu bisanzwe bihagaze mu karere k-umuryango wa Afrika y-ubuseruko bisanzwe bihurikiyemwo  ukwo ari vyompi.May be an image of 2 people and text

Kubimaze kumenyekana ndetse bikandikwa n-ikinyamakuru co muri Kenya The East African bizoba kandi bijanye Perezida Ndayishimiye mu gihugu ca Kenya harimwo ugusaba ico gihugu kisubize ibikoko vyo m-ubwoko bw-imafu, igihugu c-uburundi cabikije kenya mu mwaka w-1995 gihe uburundi bwari mu bihe vyo mu ntambara bikatuma umutekano w-ivyo binyabuzima nawone  uza uhungabana.

Perezida Ndayishimiye akazoba yitavye kandi ibirori  bita Mdaraka day, ibirori  vyama vyibukwa ukwo itarike ya mbere Ruheshi ihaciye v igihugu ca Kenya cemerewe kuba Repubilika yigenga.

Abatari bake bararindiye urwo rugendo rw-umukuru w-igihugu c-uburundi mu gihugu ca Kenya ko hari ikizovamwo kw-ico kibazo c-ibikoko vyo m-ubwoko bw-imafu kisanzwe kimaze igihe kitatorerwa inyishu uhereye abatwaye inyuma y-imyaka yo mu 1995 gushika ubu.