UBM News ads

Abakenyezi bahoze barangurira imirimo ku kiyaga i Makamba ubu ngo ubuzima ntibwifashe neza.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Mu ntara ya Makamba bamwe mu bakenyezi bahoze bagaburira abarovyi bita « Abapishi » ku mutumba Kabondo muri komine Nyanza Lac bavuga ko babayeho mu buzima bugoye kuva akazi kabo gahagaritswe kuva mu mwaka wa 2017.
Bemeza ko bagerageje kwigwanako ariko biranka. Ico basaba suko bosubira mu bupishi,ariko bakeneye umutahe kugira bakore ibindi bikorwa.
Ubwo buzima bugoye babayemwo buremezwa n’umukuru w’umutumba Kabondo. Jacqueline Mpawenayo asaba ababishoboye kubafata mu mugongo nkuko biriko biraba mu ntara ya Rumonge.
 
Peut être une image de océan
Icatumye mu vyatumye abo bakenyezi birukanwa ku kazi kabo ko gutegurira imfungurwa abarovyi bo ku kiyaga Tanganyika mu ntara ya Makamba nuko benshi muribo hambavu y’uwo mwuga woguteka bakora n’uburaya bigateza umutekano muke mukibano, hakabaho guharika imanza zidahera zikama kunyamiramabi.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments