Mu kiganiro yagiranye n-ikinyamakuru Jeune Afrique candikirwa mu bufaransa mu gihe yari yitabiye inama y-ubutunzi bwa Afrika yabereye i Paris Umukuru w-igihugu c-u Rwanda Paul Kagame yaragarutse ku kibazo cerekeye ugusabwa na Leta y-uburundi ko yotanga abarundi bagize uruhara mw-ihirikwa ry-ubutegetsi bwo kuwa 13 Rusama 2015 mu nyuma bahungira mu Rwanda. Kw-ico kibazo, Perezida Kagame yakuriye inkoni ku gishitsi Leta y-uburundi ko atarota atanga uwo murwi w-abarundi wahungiye mu gihugu ciwe kuko ngo ubu baza babarizwa mu minwe y-ishirahamwe ry-impunzi HCR. 
Umukuru w-igihugu c-u Rwanda avuga ko vyomugora cane kutanga abantu baje basaba ubuhungiro ngo bakingirwe umutekano wabo kuko ubuzima bwabo bwari bubangamiwe. Mu majambo yiwe yabivuze uku : ˮ Bamwe mu bagerageje guhirika ubutegetsi mu Burundi baraciye mu Rwanda imbere yo kubandaniriza mu bihugu vya buraya. Murabo harimwo abasirikare bakuru, abashingamateka n-abashikiranganji. Abatari bafise ayandi mahitamwo yaho bogenda ubu bari mu Rwanda nk-impunzi. Twabwiye Leta y-uburundi n-ishirahamwe HCR nimba bashaka abo bantu tuzobabaha ariko azoba ari ikibazo kiberekeye. Kubituraba twe ntidushobora gutanga abantu baje baduhungirako ahubwo ico tugomba kwizeza n-uko mu gihe cose abo bantu bakihari nta n-umwe muribo azo kwisuganiriza k-ubutaka bwacu ngo atere uburundi. Twarabibwiye abarundi none ikindi bashaka n-iki?‟
Perezida Kagame yibaza impamvu mu bagize uruhara mw-igeragezwa ryo guhirika ubutegetsi I Burundi hari abibereye mu bihugu vy-ubufaransa, ububirigi, no mu bihugu vya scandinaviya nyamara Leta y-uburundi ikaba itigera isaba ivyo bihugu ko bobabarungikira canke imenye ukwo yobafata.
Tubamenyeshe ko ibihugu vy-uburundi n-urwanda vyari biriko biragaragaza ishaka mugutera intambwe kugira imigenderanire yari maze imyaka irenga itanu yaratosekaye isubire kumera neza ariko biboneka ko n-ubu iyo ntambwe isa niyiriko isubira inyuma ni mugihe igihugu c-u Rwanda giheruka gutangaza ndetse kinemeza ko abaheruka kugira ibitero kuwa 23 Rusama mw-ico gihugu baje baturuka bongera basubira I Burundi, ivyo Leta y-uburundi yamiriye kure mu kubihakana.





Recent Comments