UBM News ads

Nubwo bari mumirwi y’umutekano, barasabwa kutivanga mu bikorwa vy’igipolisi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Mu gihe twari tumenyereye imigwi y’umutekano ihurikiwemwo na bose ( comité mixte de sécurité) twari tumenyereye tuyisangamwo abahoze ku rugamba n’imbonerakure, mu ntara ya Kirundo ho ngo suko bikimeze abari mwiyo migwi y’umutekano ihurikiwemwo bose basabwa kutivanga mu bikorwa vy’abajejwe umutekano nk’abaporisi kandi ko batarekuriwe gukubita canke ngo bake abo biketse ibiri mu mipfuko .
Ku ruhande rw’abakuru b’imitumba ngo bamenye ko atabubasha bafise bwo gupfunga abantu naho boba bikekwako amakosa ahubwo ngo babashikirize inyamiramabi.
Biri mu vyashikirijwe mu nama y’umutekano yabereye ku mugwa mukuru w’intara ya Kirundo, yagirishijwe n’intumwa z’inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano.
Bamwe mu banyamigambwe nko muri CNL bashikirije ko hari igihe ayo makomite ashingwa ntibabimenyeshwe. Aha bishuwe ko hariho bamwe bikumira mu bikorwa bene ivyo ngo n’ivyo umugambwe uri ku butegetsi.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments