UBM News ads

Abenegihugu bo mu ntara ya Kayanza barakenguruka kuba baronse isukari ariko hari ico basaba Leta.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Mu ntara ya Kayanza isukari yabonetse kuri uyu wa kane. Sylvestre Nduwimana arongoye abadandaza bo mur’iyo ntara avuga ko naho habonetse nke (itoni 15) ugereranije niyahora ihabwa intara ko bagerageza kuyisabikaniriza abenegihugu.
Asaba abadandaza baronkejwe iyo sukari kuyitanga ku giciro cashinzwe na Leta no kutayinyegeza. Nayo abajejwe intwaro abasaba gukurikiranira hafi itangwa ry’iyo sukari. Abenegihugu nabo basabwa kudoma urutoke k’uwo wese yoduza ibeyi y’isukari.
Abenegihugu barashīmá iyo yabonetse naho yabaye nke ufatiye kubari bayikeneye bagasaba Leta ko yokora ibishoboka vyose kugira haze haratangwa isukari ikwiriye abenegihugu Kandi igacungera urugero rwayo ntiruze ruragabanuka cane.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments