Ku kinyamakuru jeune Afrique candikirwa mu gihugu c-ubufaransa, umukuru w-igihugu c-u Rwanda Paul Kagame amenyesha ko ahangayikishijwe n-uburyo ukuntu umubano w-igihugu arongoye hamwe n-igihugu c-u Burundi warutanguye kuba mwiza ariko ngo nyamara igihugu c-uburundi kikaba kibandanya gucumbikira nogufasha abarwanya ubutegetsi bw-u Rwanda.
Umukuru w-igihugu c-u Rwanda Paul Kagame mu majambo yiwe yavuze atya: ˮ Ukaba ushigikiye umwe mu bansi bangwanya, ni ukuvuga ko bisigura nca nza kugira ingorane zitewe n-abantu babiri ntegerezwa guhangana nazo: uwujabuka urubibe akaza kuntera hamwe n-uwushigiye uwo antera‟
Ayo majambo yavuzwe na Perezida Paul Kagame kuruwu wa kabiri inyuma y-ibitero vyakozwe n-umuhari FLN mu karere ka Rusizi, mu Bweyeye, muburengazuba bushira ubumanuko bw-u Rwanda. Igisirikare c-urwanda cemeje ko abateye bavuye bongera bahungira i Burundi. Ariko igisirikare c-uburundi coco kikaba carabihakanye civuye inyuma ko kitashigikiye umuntu uwari wewese yoba afise umugambi wo gutera igihugu c-u Rwanda.





Recent Comments