UBM News ads

Kwihanira vyongeye kwibonekeza mu ntara ya Bubanza mu gihe vyari vyarasezerewe mu myaka iheze.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Mu ntara ya Bubanza Umukuru w’umutumba Murengeza muri komine Mpanda yahagaritswe mu gitondo co kuri yu w’Imana, aca ajanwa mu gasho k’igiporisi ku Mpanda. Komiseri arongoye igiporisi mu ntara ya Bubanza asigura ko yafashwe ku mvo z’amatohoza inyuma y’urupfu rw’umunyagihugu wo kuri uwo mutumba, yapfuye akubiswe inkoni.
Amakuru ava kuri uwo mutumba avuga ko uwo musore bamukubise bamwagiriza ko yivye ibigori mu murima. Ayo makuru amenyesha kandi ko bahejeje kumukubita, kuri uyu wa gatanu mw’ijoro, baciye bamujana ku kirindiro c’abaporisi nabo baranka kumwakira kuko ngo yari yasinzikaye cane. Mu gatondo ko kuri uyu wa 6, basanze yapfiriye hafi ya zone Murengeza.

Abanyagihugu bo ku mutumba Murengeza bavuga ko bamwe mu bagirizwa ico caha bamaze guhunga.
Mu gipolisi naho bamenyesha ko amatohoza yatanguye, kandi ko bagerageza guhanura kugira ngo barabe ko iyo ngendo yo kwihanira yohera burundu kuko hari naho uwo bihaniye akenshi usanga arenganijwe mu gihe abo bamuhohoteye batoshobora no kumuha indishi y’akababaro canke ngo bamuvuze mu gihe yasinzikaye.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments