Nk-uko biri mu nteguro y-itegeko rigenga amafaranga Leta y-uburundi izokoresha mu mwaka w-2021 ushira uwa 2022, hazoba harimwo itagisi kubakoresha imbuga ngurukanabumenyi. Aho uwukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi azotanga itagisi ringana ibice 18% aguze ˮbouquet ya internet‟ ya ˮmegabyte‟ azoba ashize muri terefone ngendanwa yiwe kuhera kuri 1GB kuduga.
Nkuko bimenyeshwa n-umushikiranganji w-ikigega ca Leta Domitien Ndihokubwayo yari yishikiye mu nama nshingamateka gusigura iyo nteguro y-amafaranga Leta igiye gukoresha , ayo mafaranga yo kw-itagisi ry-abakoresha imbuga ngurukanabumenyi azokora mukubungabungabunga amabarabara asanzwe ameze nabi mw-iki gihe cane cane ayo mu gisagara ca Bujumbura.
Amafaranga ari mw-iyo nteguro azokora mw-ico gisata c-amabarabara yadugijwe ku miriyaridi 28 y-amafaranga y-amarundi mugihe atahora arenga imiriyaridi 8,2 z-amarundi.





Recent Comments