Inyuma y’aho amazi ya Tanganyika yononeye ibitari bike mu gisagara ca Bujumbura nomu ntara ya Rumonge, izindi nzuzi zo mu kiyaya c’imbo zirabangamiye ababa hafi yazo.
Uruzi Rusizirwarataye inzira amazi ariko yinjira aho abantu baba muri Mushashayambere n’iyakabiri, amazu yuzuyemwo amazi mu kwiyunguruza bakoresha ubwato. Ubu haraye hashikiriwe imitumba ya Kinyinya 1, 2 na 3 muri zone Rukaramu komine Mutimbuzi nyene.
Abantu bariko barateshwa amazu yabo bahungira ku bibanza biri hafi y’ikibuga c’indege bitarashikirwa n’ayo mazi barondera aho boshinga uduhema.
Recent Comments