UBM News ads

Iduzwa ry’amafranga leta ishaka gukoresha rizotuma ikarata yo kwivuza CAM nayo izimba.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Integuro y’ibwirizwa ishinga amafaranga ya reta azokora mu mwaka wa 2021 ushira 2022 itegekanya ko amwe muri ayo mafaranga azova kw’igurishwa ry’ikarata yo kwivuza CAM. Ako kazova ku bihumbi 3 kaja ku 25000 ku bafise amikoro make hamwe n’ibihumbi 100 kubafise amikoro yisununuye.
Uwurongoye sentare ijejwe gucungera amatungo ya Reta, yashikirije umwihwezo kuri iyo nteguro kuri uyu wa kabiri mu nama nshingamateka asigura ko igitiri c’amafaranga azovamwo kidatomoye. Ndaye Elysée asaba abashingamateka kuzosaba umuco umushikiranganji vyega.
Sabine Ntakarutimana (icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka) we abona ko bikwiye ko herekanwa imigwi y’abantu begwa n’ako gakarata ngo kuko hariho ba ntahonikora bazozironswa ku buntu. Abashingamateka bavuga ko hakenewe insiguro zitomoye kuri iryo duzwa ntibizotume abanyagihugu bagira ingorane mu kwivuza.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments