UBM News ads

Igitigiri c-abamaze gupfira mu gitero c-i Muramvya kigeze kuri 13 murabo harimwo abajejwe umutekano babiri.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho igipolisi kitangarije kuruwu w-Imana ko abantu umunani aribo bahasize ubuzima abandi batari bake  barakomereka cane mu gitero  cari kihejeje kubera kw-ibarabara rya Muramvya-Bujumbura, amakuru ariko arashirwa ahabona aturuka mu miryango y-ababuze n-uko abantu nagera kuri 13 aribo bamaze kwitaba Imana  ni ukuvuga batanu biyongeye kuri munani bari batangajwe n-igipolisi .

Muri abo cumi na batatu bamaze kwitaba Imana , n-uko bamwe bishwe n-amasase abandi baturirirwa  mu modoka hakaba  n-abandi bagiye baracikanira mu nzira bajanywe kwa Muganga. Ariko gushika ubu abamaze kumenyekana amazina yabo ni cumi numwe.

Abo cumi numwe bamaze kumenyekana nabo ni  :
1. Colonel Onesphore Nizigiyimana, intwazangabo y’Uburundi ivuka muri komine Mwumba mu ntara ya Ngozi ikaba yakorera i Addis-Abeba muri Ethiopia mu rwego bita East Africa Standby Force (EASF). Iyo ntwazangabo ivugwa ko yahora yegereye umuhisi Prezida Pierre Nkurunziza, kanatsinda banava mw’ikomine imwe. Bamwe bikeka ko igitero coba carondera cane iyi ntwazangabo, imodoka arimwo yoba ariyo yari imbere y’izindi igirako iraturirwa. Umwe mu bana ba Colonel Nizigiyimana yatuririwe mu modoka, umukenyezi n’abandi bana babiri b’umuhisi bararokotse naho n’abo nyene barashwe.
2. Keitha Muco. Uwo ni umwana wa Colonel Nizigiyimana yatuririwe mu modoka Toyota Probox.
3. Ingénieur Canesius Ndayiragije yatuririwe mu modoka yiwe Toyota Probox. Abamuzi bavuga ko yari yikorera ivyiwe mu gisata co kwubaka amazu no kwunguruza abantu n’ibintu.
4. Venerand Simbashizweko yatuririwe muri Probox ya Canesius Ndayiragije. Venerand ni umugoronome yakorera mu ntara ya Gitega, abamuzi bavuga ko yigeze gukorera no mu Kirundo. Avuka muri komine Mugamba mu ntara ya Bururi. Venerand yapfuye mu gihe nawe yari yaraye ashinguye umuvyeyi wiwe (nyina amuvyara), yari avuye i Bujumbura asubiye i Gitega.
5. Fidèle Yamuremye, umukozi w’ibanki nkuru y’igihugu BRB i Gitega. Fidèle yari afise urugo mu gisagara ca Bujumbura, uyo mugoroba yari asubiye ku kazi i Gitega.
6.Floribert Kwizera, umukozi w’ibanki BCB i Gitega. Asize agahinda kenshi, yari yubatse urugo rwiwe ku wa 09 ndamukiza 2021 none yasandavye ku wa 09 rusama 2021, inyuma y’ukwezi kumwe gusa. Uyo mugoroba yari asubiye ku kazi i Gitega.
7. Ferdinand Munezero, umuririmvyi mw’ishengero rya Pentekoti mu Maramvya, umukozi kuri Radio Vyizigiro no kubitaro Hope mu Ngagara. Ishengero ryiwe ryabuze umukozi w’Imana akomeye nkuko twavyandikiwe n’abasengera muri Pentekoti Maramvya.
8. APC Déo Nikobahoze bamwe bazi kw’izina rya Abdallah, umupolisi agendenira icegera c’umukuru wa 4ème GMIR. Uyu mupolisi avugwa ko yari muri bisi ya Volcano yambaye umwambaro w’akazi kandi afise inkoho. Amakuru ava mu gipolisi avuga ko umupolisi yishwe ariko inkoho yiwe batayikozeko. Amaziko yiwe yabereye i Muyinga uno musi.
9. Anaclet Hakizimana, umukozi w’inama nkenguzamateka i Gitega. Anaclet yari amaze igihe gito muri kano kazi, ubundi yakorera ishirahamwe Pona Pharmaceuticals. Anaclet avuka mu Gatumba muri komine Mutimbuzi. Uyo mugoroba yari asubiye ku kazi i Gitega.
10. Akana gato cane kitwa Mia Maella Mushoboze. Aka kana kacikaniye mu bitaro, umuvyeyi wako we aracagwaye.
11. Dyna Revocate Habonimana, umukenyezi aba ku Wankana mu gisagara ca Gitega. Uyu mukenyezi yacikaniye mu bitaro Roi Khaled i Bujumbura. Amakuru twakuye mu biwe avuga ko Revocate yari atashe i Gitega avuye i Bujumbura kandi yari ajanye n’utwana twiwe 2, utwana ntaco twabaye.
+8
Chrétien Claude, Gustave Barikore and 1.7K others
312 Comments
162 Shares
Like

Comment
Share
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments