UBM News ads

Prezida NDAYISHIMIYE arahoza ababuriye ababo mu bwicanyi bw’i Muramvya.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Abantu 12 ni bo bamaze kumenyekana ko baguye mu gitero c’abantu bitwaje ibigwanisho mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana muri komine n’intara ya Muramvya hagati na hagati mu gihugu c’Uburundi. Abishwe bari mu miduga berekeza ku mugwa mukuru wa poritike Gitega. Nta mugwi canke umuntu ariyitirira kino gitero.
Abacitse kw’icumu mu mutego w’inkozi z’ikibi kw’ibarabara rya Muramvya-Bugarama, mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana, bavuga ko ababateze babarashe mu rudavagi atakuvangura. Basaba ko ako gace kocungerwa bikomeye n’abajejwe umutekano kuko atari ubwa mbere abagizi ba nabi nk’abo batega imitego.
Abaguye muri ico gitero ni abasivire 11 n’umusirikare umwe w’ipete rya colonel. Uyu yapfanye n’umwe mu bana biwe mu gihe yari kumwe n’umuryango wiwe berekeza ku mugwa mukuru wa poritike Gitega bava kuw’ubutunzi Bujumbura.
Esperance Nduwayezu, musitanteri wa komine Muryamvya yemeje ano makuru ariko nta kindi kinini yarengejeko, amenyesha ko amatohoza yatanguye.I ruhande y’aba bantu baguye muri kino gitero hari n’abandi batanu bakomeretse cane baca bajanwa kuvurirwa mu bitaro vy’I Muramvya. Abandi bataramenyekana igitigiri baciye barungikwa mu bitaro bitandukanye ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.
 Bibaye ata kwezi kurahera habaye ubundi bwicanyi nk’ubu muri komine Rusaka y’intara ya Mwaro ihana urubibe na Muramvya, aho abantu 7 bagandaguwe n’abantu batamenyekanye. Hari ku wa 16 Ndamukiza.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye abicishije ku rubuga rwa tweeter ariyamiriza ubwo bwicanyi. Yagize ati : « Turababajwe n’abambuzi baraye basubiye guhekura Uburundi. Ibigeragezo ntibizoreka kubaho ariko aragowe uwo bizovako. Abagizi ba nabi bose bategerezwa gutuzwa. Turaremesheje imiryango yabuze ».
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments