UBM News ads

Umunyororo w’umwaka umwe n’amande y’ibihumbi ijana (100.000Fbu) nico gihano Fabien Banciryanino atavuga rumwe na leta yaciriwe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu ntango z’ukwezi kw’icumi 2020 BANCIRYANINO yari yagirijwe «Imigumuko, ukwagiriza abantu ibinyoma hamwe n’uguhungabanya umutekano w’igihugu ». Sentare yamukuyeko kimwe imuhanira « Imigumuko n’uguhungabanya umutekano w’igihugu».

Sentare nkuru ya komine Ntahangwa mu buraruko bw’umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura uyu munsi niho yahanisha umunyororo w’umwaka n’ihadabu ry’ibihumbi ijana vy’amarundi uwo yahoze ari umushingamateka yigenga mu kiringo co hagati y’umwaka wa 2015 na 2020.

Umwe mubagize umuryago wiwe yatangaje ko iyi ngingo ya sentare ya Ntahangwa yasohotse kuri uyu kane ariko abantu bakaba bagiye kuyimenya kuri uyu wa gatanu ku muhingamo.

Kw’itariki ya 19 ukwezi kwa gatatu uyu mwaka, Banciryanino ni ho yaburana maze umushikirizamanza amusabira gufungwa imyaka ibiri n’amezi abiri n’ukuriha ihadabu ry’ibihumbi ijana vy’amafaranga y’Amarundi.

Ibi vyaha vyose Fabien Banciryanino n’umushingwamanza amwunganira bagumye babihakana basigura ko « uwuregwa yubaha akubahiriza amabwirizwa y’igihugu ubona ko yari no mu nzego zijejwe kuyubahiriza mu kiringo c’imyaka itanu yose».

Iyi ngingo ya sentare iracashobora kungururizwa muri sentare isubiramwo imanza no muri gasamburamanza, hisunzwe itegeko rigenga imanza aha mu Burundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments