UBM News ads

Isukari igurishwa mukinyegero ibandanya gufatwa idandarizwa aho itagenewe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Mu gihe zone Nyakabiga ifise amazina 5 atora isukari muri Sosumo, Alimentation Vyukusenge yonyene niyo iyishikana aho yagenewe. Umwe mu batayishikana ariwe yanafashwe uyu musi yitwa Nishimwe Albertine. Amazina atatu yoyo asigaye ngo ntanabaho (noms fictifs) nkuko bishikirizwa na Gervais Ndihokubwayo chef de zone Nyakabiga.
Albertine  yafatanywe iyo sukari asanzwe aba mu Carama ariko akaba yanditse ko adandariza iyo sukari mu Nyakabiga yafashwe n’abarongoye zone Nyakabiga

bakaba bakurikiranye imodoka kuva ikiva muri Sosumo.

Gervais Ndihokubwayo ati: “Uwombaza uko iryo zina ryagiye ku rutonde noba mbeshe kuko ntari mu mazina abiri twe twari twatanze imbere, Biranatangaje kubona twe twari tuzi ngo abatora isukari ni babiri kumbe ari batanu.

Chef de zone agira ati: “Ku ntumbero yatanzwe na musitanteri wa mukaza, imifuko 20 muri 35 yafashwe yagaburiwe ama quartiers ane agize zone, 15 isigaye yahawe Itangishaka Regis yari yahohotewe asanga izina ryiwe ryasubirijwe Albertine. Abadandaza bose baranguriye zone ku giciro ca Sosumo (115.000 Fbu ku mufuko). Amahera avamwo acaja mu kigega ca Leta.”
Ivyo bikaba biriko biraba mu gihe mu gihugu cose hibonekeza ukubura kw’iyi sukari ya SOSIMO.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments