UBM News ads

Ikivuko ca Bujumbura kigiye kunagurwa kumfashanyo y’igihugu c’Ubuyapani.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Amafaranga hafi imiriyoni 31 z’amadolari y’abanyamerika niyo azokoreshwa mu bikorwa vyo kwagura no gusubiramwo ikivuko ca Bujumbura. Ivyo ibikorwa vyari vyaratanguye mu mwaka wa 2014 hanyuma birahagarara ku mvo zitandukanye nk’ibihe vya politike igihugu caciyemwo mu 2015 hamwe n’ikiza ca Covid-19, bizosubira muri uyu mwaka wa 2021.
Vyavuzwe kuri uyu wa gatanu igihe hateweko umukono ku masezero yo gutanga uburyo buzokora mu kurangura ivyo bikorwa, hagati ya leta y’Uburundi n’iy’ubuyapani. Ubuyapani buzoyatanga buciye mu kigo JICA kijejwe gufasha mw’iterambere. Yateweko umukono n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi hamwe n’uwuserukira Ubuyapani mu Burundi afise icicaro mu gihugu c’Urwanda.
Kuri ico kivuko hategekanijwe kwubaka aho ama « conteneur » azoshikira, aho bazokorera ubwato bwapfuye, gukatisha umuringoti w’amazi ava muri zone Buyenzi hamwe no gukura imicafu mu kivuko aho ubwato bushikira.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments