UBM News ads

Rwanda= Igihugu ca mbere k-umugabane wa Afrika coba kigiye gukorerwamwo incanco za COVID19.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kubw-inkuru dukesha iradiyo y-abongereza BBC,Umukuru w-igihugu c-u Rwanda Paul Kagame amenyesha igihugu  arongoye kiriko gikorana n-abafatanyabikorwa ngo bazane uruganda rwa mbere rw-inkingo zikoresheje  ubuhanga bwa mRNA muri afrika.Paul Kagame: No compromise on African values - New African Magazine

Ivyo akaba yabitangaje Perezida Paul Kagame  mu kiganiro cabaye kuruwu wa kabiri kiraba ukwitegurira no guhangana ikiza ca Covid19 hakoreshejwe ubuhinga bwa none . Ico kiganiro cari kiyobowe n-umupfasoni Ellen Johnson, yigeze kurongora igihugu ca Liberia na Helen Clark yahoze ari umushikiranganji wa mbere w-igihugu ca Nouvelle Zellande.

Umunyamabanga wa Leta m-ubushikiranganji bw-amagara y-abantu yatangaje kuri Radiyo na tereviziyo vy-igihugu koˮ Leta iriko ishaka ukwo hatanguzwa mu Rwanda ikorwa ry–izo ncanco za Covid19‟.

Ikindi perezida Paul Kagame yavugiye mw-iyo nama yariko ibera k-ubuhinga bwa none, nuko  ngo mu gihe umugabane wa afrika uzoguma uja kuhiga  incanjo m-uburere butandukanye, afrika izoguma  iri inyuma k-umurongo buri gihe ukwo izo ncanco zibaye nkeya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments