UBM News ads

Abarundi barenga gato 200 bari bahungiye mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mtendeli batahukanywe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

    Kuri uyu wa kane Abarundi 230 bari barahungiye mu gihugu ca Tanzaniya mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mtendeli batahukanywe mu Burundi.

Abo bose bari bariyandikishije ku bushake bagiye mu ntara za Makamba, Rutana na Ruyigi mu gihugu c’ amavuko c’Uburundi.

Bamwe mu batanze ikiganiro  bemeza ko badatahuka ku munezero ahubwo biterwa n’amabi bakorerwa nko kuburabuzwa hamwe n’ inama zama zabaye mu nkambi zibahimiriza gutaha. Bavuga ko ivyo bituma biyandikisha ku bwinshi naho ico bahunze gisa nk’ikitarakemuka.

Muri uyu mwaka 2021 haramaze gutaha abarenga 5.000 nk’uko bitangazwa na HCR.

Ibitigiri vyatanzwe na HCR itariki 31 yu kwezi kwa gatatu 2021 vyerekana ko impunzi z’ Abarundi zisigaye mu gihugu ca Tanzaniya ari 163,742. Mu nkambi ya Nduta hasigayemwo 65,468 Nyarugusu 44,233 na Mtendeli 25,506

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments