Mu nyigisho yariko aha urwaruka rwo mu ntara ya Gitega ruriko rurakora imigambi yo kwiteza imbere, umukuru w-igihugu c-uburundi Evariste Ndayishimiye yabwiye urwo rwaruka ko atangazwa n-abama bamusaba kuja gusabiriza hanze y-igihugu kandi Atari ikimuga yishoboye. Perezida Evariste Ndayishimiye avuga uku=
ˮjewe ndatangazwa n-abantu baguma bansaba ngo nje kurondera imfashanyo hanze y-igihugu, jewe birangora gusega nishoboye . mu bisanzwe umuntu asega ni umuntu atishoboye, umuntu yamugaye niwe asega. Abarundi turishoboye kuburyo tutoja gusega‟
Umukuru w-igihugu avuga kandi ko abazungu aribo bagomba ko abarundi bashira mu mitwe yabo ko bakenye kandi atarivyo kuko ubutaka bw-igihugu bwuzuye amafaranga.
Naho biri ukwo, Umushikiranganji wa Leta y-uburundi ajejejwe imigenderanire n-ayandi makungu Albert Shingiro yaramaze imisi m-urugendo mu bihugu vya buraya mu kusaba ko uwo muryango w-ivyo bihugu wotezurira igihugu c-uburundi ku bihano vy-ubutunzi cafatiwe mu mwaka w-2016 bitumwe n-imvururu za politike zitewe n-ukwitoza kw-ikiringo ca gatatu c-umuhisi Petero Nkurunziza mu mwaka w-2015.
Bamwe n-abandi bakurikiranira hagufi ikibazo c-uburundi bavuga ko iyo mvugo ya Perezida Ndayishimiye ari imvugo yamye ikoreshwa n-abategetsi batwara igihugu ndetse n-abatwara umugambwe uri k-ubutegetsi CNDD–FDD ko ata gishasha kirimwo .Kimwe gusa bakamenyesha ko igihugu kigeze aho umwansi atemba m-ubutunzi ufatiye kucegeranyo kiheruka kusohorwa n-ikigo mpuzamakungu FMI aho igihugu c-uburundi cashizwe k-umwanya wa mbere w-ibihugu bikenye kw-isi.