Ubukene bw’isukari ya SOSUMO buriko buribonekeza mu gihugu bwoba butegwa n’iki?

0

Haraheze indwi zirenga zibiri hibonekeza ubukene bw’isukari ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura no mu bindi bisagara bikuru bikuru, abanyagihugu bakibaza ico bivako bakakiyoberwa.

Ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura abavyeyi batari bake bemeza ko isukari ubu bayironka ku kiyiko kandi bakayihabwa ari nke cane, ababijejwe nabo bakavuga ko vuba Bujumbura igiye kunswa amatoni 1400.

Abandi nabo nk’abatunzwe n’umwuga wo gukora imikate n’ibitumbura basigura ko bahomba amafaranga agera ku bihumbi 50 mundwi zibiri kubera batagishobora gukora bitewe n’ubukene bw’isukari.

Abajejwe intwaro na cane cane mu gisagara ca Bujumbura nka Gervais Ndiho arongoye zone ya Nyakabiga bagiriza ishirahamwe Sosumo rihingura isukari kutagenzura neza abacuruza bakurubakuru riha isukari kugira baje kuyiha abacuruza batobato bayigeza kubaguzi.