Inyuma yaho ikigega mpuzamakungu FMI kisohoreye icegeranyo kikashira igihugu c-uburundi k-umwanya wa mbere w-ibihugu bikenye, Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME rijejwe kurwanya abasesagura amatungo ya Leta n-abarya ibiturire amenyesha ko uburundi buriko buramanuka k-urugero ruteye ubwoba kitari bwigere kigerako aho igihugu c-uburundi cagiye munsi y-ubusa k-urugero rwa gatatu n-ibice bibiri -3,2% k-ukuntu ubutunzi bugenda buduga, Ibice vy-abarundi birenga kuri 70% bari m-ubukene gusumvya abandi, ikindi akaba ko umunyagihugu w-uburundi akaba ashobora kuronka amadorare y-abanyamerika 264 k-umwaka , uwo arongoye OLUCOME avuga ko ayo mahera atanarimwe igihugu cari bwigere kiyashikana naho igihugu cari mu bihe vyo mu ntambara.
Kugira igihugu kishobore kuva mw-iyo manga y-ubutunzi, Gabriel Rufyiri ahamagarira abatwara ubu igihugu ko bokwihutira kushira imbere ibisata vyo kuduza ubutunzi hama barwanye abaguma banyuruza ubutunzi bw-ihigugu .





Recent Comments