Inyuma yaho ikiringo cari catanzwe na Leta ya Malawi ku mpunzi zose ziba mu muji wa Lilongwe cari kigire kirangire, Ubutungane bw-ico gihugu k-umugoroba wo kuruwu wa kabiri bwatangaje ko buhagaritse ingingo ya Leta yo kurungika mw-ikambi impunzi zose ziba mu bisagara.
Ubwo butungane bw-ico gihugu bumenyesha kandi ko bwisunze imvo nyishi kugira hafatwe iyo ngingo ndetse ko habayemwo n-iyubahirizwa ry-amategeko agenga impunzi kw-isi. Iyo ngingo ishitse mu gihe impunzi nyishi zari zamaze gusubira mw-ikambi ya Dzaleka zari zasabwe kujamwo izindi nazo zari zamaze kuva muri Malawi zihungira mu gihugu ca Mozambique.
Ikinyamakuru co mw-ico gihugu Malawi 24 kimenyesha ko Leta yari yamaze kurungika abapolisi mu bice bitandukanye vy-igihugu mu gushira mu ngiro iryo tegeko yari yatanze kw-izo mpunzi.
Tubamenyeshe ko impunzi ziba mu muji wa Lilongwe zigera mu bihumbi amajana zikaba nka zose zikorera urudandazwa murizo harimwo abarundi n-abanyarwanda aho bivurwa ko abanyagihugu bo mw-ico gihugu batari baraba ryiza izo mpunzi bitumwe ko bazifata nk-zifise amahera menshi zikura mw-urudandazwa zikora ninaho ngo hoba havuye iyo ngingo ya Leta yo kuzirungika mw-ikambi ya Dzaleka kuko abo banyagihugu bari bamaze kubisaba Leta ko izo mpunzi zibatwara uburonderero bw-amafaranga ndetse hakaba hari hamaze iminsi hakorwa ibitero, n-ubusuma vyakorerwa ku banyamahanga bakora ubucuruzi mw-ico gihugu.





Recent Comments