Nk–uko tubisanga m–urutonde rwakozwe n–ikigega c–isi yose FMI ku bihugu mirongo ibiri na bitanu bikenye kw-isi, igihugu c-uburundi nico kiza ubwa mbere aho bafatiye k-umwimbu w-indani mu gihugu bita PIB ugera ku madorari 264 ,ni amahera umunyagihugu w-umurundi aronka k-umwaka. Hama kigaca kikwiirikirwa n-igihugu ca Sudani y-ubumanuko aho umwimbu w-umunyagihugu Waco ari amadorari 303.15
Tubamenyeshe ko mw-ivyo bihugu mirongo ibiri na bitanu bikenye kw-isi, umugabane wa afrika uza ubwa mbere ufise ibihugu bikenye cane aha twovuga= Burundi, Sudani y–epfo, Malawi,Mozambique, RDC, RCA,Madagascar, Sierra Leone, Niger.
Ico kigo nticibagiye kandi kushira ahabona igihugu ca Luxembourg kwarico ca mbere kw-isi kitunze aho gifise umwimbu muniniya cane ugera ku madorari ibihumbi 131.78 k-umwaka umunyagihugu waho aronka.





Recent Comments