Mu ntara ya ruyigi abantu babiri, umutama n’umutamakazi wiwe, barishwe batemaguwe imipanga mw’ijoro ryo kuri uyu wa 23/04/2021, ku mutumba Nyagutoha muri komine Ruyigi.
Amakuru ava kuri uwo mutumba ,avuga ko ababishe,bateye gerenade kw’irembo ry’urwo rugo, kugira bateshe aboza gutabara.
Mu giporisi bashikiriza ko ubwo bwicanyi bwavuye ku kwagiranya uburozi. Biremezwa n’abajejwe intwaro kuri uwo mutumba. Bamenyesha ko uwo mutama yari mu bagabishijwe biciye mu nyandiko zitagira umukono zatowe kuri uwo mutumba zivuga ko badahevye kuroga bazokwicwa.
Komiseri w’igiporisi muri iyo ntara ya Ruyigi amenyesha ko abantu batandatu bikekwako ubwo bwicanyi bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza. Ahimiriza abanyagihugu kuva mu ngendo yo kwemera ibintazi ngo kuko biteranya mi kibano. Abafise ivyo bagiranya abahanura kwitura ubutungane.
Recent Comments