Sunday, March 26, 2023
HomeInternational newsUrukingo rwa Johnson & Johnson rwari rwahagaritswe gwakomorewe muri Amerika.

Urukingo rwa Johnson & Johnson rwari rwahagaritswe gwakomorewe muri Amerika.

Muri uku kwezi, abagenzuzi b’imiti b’i Burayi bavuze ko hari isano iri hagati yo kuvura kw’amaraso kw’imbonekarimwe n’urukingo rwa AstraZeneca rwa Covid-19, ariko basanga inyungu zo kurukoresha ziruta ibyago rushobora guteza.

Ku wa gatanu nyuma ya saa sita, ikigo CDC n’ikigo kigenzura ko ibiribwa n’imiti bikwije ibisabwa (FDA) vyahise vyemeza inama yagizwe n’akanama njanama ka CDC.

Katoye ku majwi 10 kuri 4 atavyemeje ko urwo rukingo rukomeza gukoreshwa ku bantu bafise imyaka 18 n’abayirengeje, bijanye n’uruhusha rwari rwatanzwe imbere.

Ico cemezo gisobanuye ko doze zitari munsi ya miliyoni 10 z’urukingo J&J, zakuwe mu ruganda rw’iyo kompanyi ruri mu Buholandi, zishobora guhita aka kanya zikwirakwizwa mu bice bitandukanye vy’Amerika.

Ku wa gatanu, abategetsi bo mu rwego rw’ubuvuzi batahuye abandi bantu icenda bagize ikibazo co kuvura kw’amaraso.

Biyongereye kuri batandatu bari basanzwe barabonetse muri Amerika kuva mu kwezi kwa kabiri ubwo abagenzuzi b’imiti bemera ikoreshwa ry’urwo rukingo.

Abo bose ni abagore, bagwiriyemwo abafise munsi y’imyaka 50. Batatu muri bo barapfuye, naho indwi baracari mu bitaro.

Hafi 12 muri abo bagore bagize ico kibazo co kuvura kw’amaraso ni abafise hagati y’imyaka 30 na 39.

Indwi muri abo bafise umuvyibuho urenze, babiri bafise ikibazo c’umuvuduko mwinshi w’amaraso, naho babiri bandi bakoresha uburyo bwo kugabanya imvyaro bunyuze mu kanwa (oral contraceptives), nkuko abategetsi bo mu rwego rw’ubuvuzi babivuze.

Abategetsi bo mu kigo CDC ku wa gatanu berekanye amakuru yuko hari n’ukuvura kw’amaraso guke kuriko kurasuzumwa mu bagabo.

Banavuze ko ari vyiza ko abagore bamenyeshwa ivyago bashobora guhura navyo inyuma yo guhabwa urwo rukingo kugira ngo bafate icemezo niba bashobora gushaka izindi nkingo aho gukoresha urwo rwa J&J.

Must Read