UBM News ads

umuyobozi mukuru wa FONIC abazwa mu mpimba i Bubujumbura.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Innocent HABARUGIRA umuyobozi mukuru wa FONIC  yaraye ashikanywe mw’ibohero rikuru rya Bujumbura ( Mpimba ).
Aya makuru aremezwa na bamwe bamwe mu bamwegereye, co kimwe na bamwe mu bakozi bo kuri iryo bohero.
Uwo muyobozi mukuru akaba ari we wa mbere yahamagawe kuri Telephone n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kugira ngo yisigure ku karenganyo kagiriwe umunyagihugu yari yatsindiye isoko ariko ntiyayironswa, bikavugwa ko habayemwo ibiturire. Hari kuwa 11 ndamukiza mu ntara ya Ruyigi. Ico gihe ntivyamworoheye gusigura.
Prezida yahamagaye uyo muyobozi ikibiriraho, amubaza ati: “Ku bwabwe, nk’umurundi, mu gutanga iryo soko, ubona vyabaye mu butungane, canke harimwo uburiganya?”
 Innocent Habarugira yishura ati: “Ku bwanje, nta manyanga jewe ndabibonamwo”
Prezida Ndayishimiye: “Sawa, ko ubibonye uko, ngira ndabishire mu bajejwe amategeko, barabe ko yakurikijwe. Ugasanga uno mudadanza atarira gusema, uzoca uhanwa mu kibanza ciwe”
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments