UBM News ads

Mu Rumonge hafashwe umugabo asanzwe asambanya abakobwa babana mu vyumba vy’amasengesho.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Umugabo umwe wo ku mutumba Rutumo muri komine Rumonge ari mu minwe y’igiporisi co mu Rumonge kuva kuri uyu w’Imana 18/04/2021. uwo mugabo yagirizwa gushurashuza abigeme bari mu vyumba vy’amasengesho. Umukuru w’uwo mutumba aremeza ayo makuru. Frédéric Sinkibakira, avuga ko uwo apfunganywe n’umwe muri 2 yatwaje inda, yari yazanye ngo amugire umugore wa kabiri.
Ayandi makuru ava mu Rumonge avuga ko abagabo 2, umwe bivugwa ko yoba ari rumenyi yakorera mu Minago muri iyo komine hamwe n’uwundi yari yaje iwe kumuvuzako umuhungu wiwe, bafashwe barapfungwa mu gitondo co kuri uyu wa kabiri 20/04/2021.
Élie Rusoya arongoye zone Minago amenyesha ko bafashwe inyuma y’aho uwo yari yaje kuvuzwa asandabiye, bagira bamujane ku bitaro mu Rumonge. Bibaye inyuma y’indwi imwe gusa hari umugore afatanywe ikiziga c’uwo yoba yariko aravura, ku mutumba Rukinga mu gisagara ca Rumonge.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments