Perezida Idriss Deby wa Tchad yapfuye inyuma yo kukomereka arasiwe k-urugamba yarimwo.

0

Igisirikare ca Tchad kibicishije ku mboneshakure y-igihugu catangaje ko umukuru w-ico gihugu Marechal Idriss Deby yasandavye inyuma yaho ejo arasiwe k-uruhanga agakomereka bikomeye ari k-urugamba mu mirwano yariko ihuza igisirikare ciwe be n-imirwi yamurwanya yafashe ibirwanisho. Niko kuca ajanwa muri bimwe mu bitaro bikomeye vyo mw-ico gihugu ari naho yaciye asandabira mw-ir-ijoro rya keye.Salim Kikeke on Twitter: "Chadian President Idriss Deby has been named a  field marshal by parliament… "

Tubamenyeshe ko uwo yahora arongoye igihugu ca Tchad  yaraherutse gutangazwa ko ariwe yatsinze amatora akaba yarari k-ubutegetsi kuva mu mwaka w-1990 .