UBM News ads

Ahahora isoko nkuru ya Bujumbura hagiye kwubakwa centre commercial

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hagiye kwubakwa ikibanza c’idandarizo kinini ico bita Centre Commercial mu gifaransa.
Inama Nshikiranganji yakoranye kw’igenekerezo rya 07/04/2021 irongowe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaremeje umugambi w’ishirahamwe ry’abamanki wo kwubaka ikibanza c’ubudandaji (un centre commercial) ahahora isoko nkuru ya Bujumbura.
Ibikorwa vyo kwubaka ico kibanza bizomara imyaka itanu. Bitegekanijwe ko inyubakwa nshasha zizokugururwa icese kuwa 03/04/2026. Mwomenyako isoko nkuru ya Bujumbura yahiye igatokombera ku w’Imana igenerekezo rya 27/01/ 2013
Ariko rero nubwo biruko abenshi biyumvira ko bitazoba vuba kuko hatigeze havugwa umusi wogutangurirako ivyo bikorwa na cane cane ko izokwubakwa n’ishirahamwe ry’amabanki ariko urupapuro ndangatongo ruzokakwandikwa kw’izina rya leta y’Uburundi.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments