Abarwizatunga babiri bari nsomambike n-umuhisi Petero NKURUNZIZA babarizwa mw-ibohero.

0

Inyuma yo gusambishwa kuruwu wa kane muri sentare nkuru ya Ntahangwa, Prosper Hakizimana batazira Gisiga hamwe n-umunyakenya yitwa Joseph Mboya Nyamuthe, abarwizatunga babiri bafatwa nk-akadasohoka mu mugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD ndetse no k-umuhisi Petero Nkurunziza ubu babarizwa mw-ibohero rikuru rya Rumonge nkuko vyemezwa na bamwe mubanyororo bafungiwe mw-iryo bohero.May be an image of 10 people, people standing and outdoors

Mu matohoza yakozwe n-umwe mubaharanira agateka kazinamuntu Pacifique Nininahazwe hamwe na Bob Rugurika umuyobozi w-iradiyo RPA baremeje ko abo barwizatunga bari mubategetsi bakuru b-ishirahamwe rikora imiti mu Burundi ryitwa PONA PHARMACEUTICALS  uwa mbere ni umunya kenya Joseph Mboya Nyamuthe, Uwa kabiri ni umurwizatunga w-umurundi batazira Gisiga afatwa nk-uwukomeye mu gutanga akazi be no kuraba ubutunzi mw-iryo shirahamwe.

Kubw-amasoko yacu aturuka mw-igendereza ry-uburundi, nuko abo barwizatunga babiri bafatwa nk-ibihangange bariko bazira  uruhara bagize mu kwinjiza barangura ibiyayuramutwe bisanzwe bikoreshwa n-imirwi y-abihevyi ,Aho bakaba  bakoresha izina ry-isosiyete barongoye PONA PHARMACEUTICALS mu kurangurana n-ibindi nkenerwa mu gukora imiti y-iyo sosiyete. Naho biruko,  kubw-ayo masoko nyene iyo dosiye y-urudandazwa rw-ibiyayuramutwe irimwo abategetsi b-ibihangange gusa ngo ntibaboneka.

Kubona hahagaritswe abo barwizatunga babiri nuko vyoba vyatewe nuko Leta y-i Burundi yari yaremewe cane n-ukutishura amakete menshi yandikiwe n-ibihugu rutura ndetse n-amashirahamwe mpuzamakungu ngo yisigure kw-iryo yinjizwa ry-ivyo biyayuramutwe  ,kukubera ko vyari vyamaze kumenyekana ko Ivyo biyayuramutwe  bijanwa I Burundi kandi bifashijwe n-abategetsi bamwe bamwe mu nyuma bikaja kudandazwa mu bihugu vya Somaliya be na Aziya birwiriyemwo imirwi y-abihevyi iguma ikora ibitero sindamusiga aho yiturikirizako ibibombe yabanje kunywa ivyo biyayuramutwe.

Tubamenyeshe ko inyuma yaho isosiyete PONA PHARMACEUTICALS yemerewe gukora k-umugaragaro mu mwaka w-2019, ibihangange bikomakomeye mu mugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD harimwo umuhisi Petero Nkurunziza yari umukuru w-igihugu w-ico gihe baciye batangura kugiramwo ukuboko kunini mw-iyo sosiyete.