Umukuru w’igihugu aragabisha amashirahamwe amwe amwe usanga yuzuyemwo ubwoko bumwe ugasanga ubundi bwoko budaserukiwe.
Ivyo yabimneysheje mu kiganiro n’abanyagihugu cabeteye i Ngozi mu ntumbero yo gukura amakenga ari mu bantu ku bijanaye na rusansuma yakozwe na reta ya Ndayishimiye yatumye bamwe biyumvira ko bamwe bagomba kwirukanwa mu buzi bwa reta.

Umukuru w’igihugu akaba avuga ko ari no mu ntumbero yo gufasha abariko barangiza amashure hama bakaguma bicaye kandi hariho abantu bamwe bamwe bashaka ‘gupfira kukazi’ ugasanga ‘bariko barisinzirirako mu biro’ kubera ubusaza.
Rero umukuru w’igihugu yatanze akarorero k’amashirahamwe amwamwe nka Brarudi, eka mbere n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yasanze ko hari abantu bo mu bwoko bumwe bukorayo gusa hama arabura inyishu.
Abarundi batari bake bakaba bavuga ko amashirahamwe menshi yuzuyemwo abo mu bwoko bumwe bw’Abatutsi maze ugasanga abava mu bwoko bw’abahutu bashomereye cane.





Recent Comments