UBM News ads

Abasirikare batatu b’abarundi baraye bishwe muri Centrafrika

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo vyabaye kur’uyu wa gatanu mu gihugu ca Centrafrika, abo basirikare batatu bakaba baguye mu gitero bagiriwe ku kirindiro cabo. Abandi basirikare babiri bakaba barakomeretse. Antonio Guterres, umunyamabanga mukuru wa ONU akaba yasohoye itangazo ryo kwiyamiriza ico gitero c’imirwi igwana muri Centrafrika. Akavuga ko gutera ingabo za ONU ari ica co mu ntambara uwo amatohoza azodomako urutoki ko azobihanirwa.

Imigwano ikaba yasubiye gukomera murico gihugu ca Centrafrika mu gihe himirije amatora murico gihugu. Abasoda b’Urwanda n’abarusiya bakaba baratumweko kugira bashobore gucungera ayo matora abe mu mutekano. Umurwi wagavye ico gitero ku ngabo z’Uburundi ukaba utarivuga ngo umenyeshe igituma wokoze ico gitero.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments