Amakuru atandukanye ariko ashirwa ahabona ku ndirimbo nshaha y’umuririmvyi w’umurundi yitwa Olegue mu ndirimbo yiwe yasohoye hirya y’ejo yiswe ‘Korayo’.
Bamwe mu bategetsi b’Uburundi bakaba babona ko uwo muririmvyi yitwa Olegue yasubiriye kurwa mw’ikosa kandi yaheruka ‘gukosorwa’ ku ndirimbo yiwe yise ‘delegue general’.
Abandi nabo bakabona ko gufata nabi Olegue ku ndirimbo yiwe ‘Korayo’ atari vyiza na gato kuko hari nabandi baririmvyi nka Natasha usanga baririmba indirimbo zitaranga urupfasoni na gato.
Ku bariko bidoga ngo dukariye Olègue tutarigera tuvuga Natasha: Olègue yaheruka gusohora "Doctor" (https://t.co/GwbMuX1mtw) aho agira ati "Ninde apinga, muzane ngaho urushinge ndarugendana, ndamujombe, ndamusugume idawa mpaka asabe msamaa".
Ntitwaryogoye…#Burundi #culture pic.twitter.com/g4GB9HxOtb
— Roland Rugero (@RolandRugero) December 22, 2020
Iyo ndirimbo ya Olegue ‘korayo’ bamwe babona ko ishobora kumusubiza mu gasho nk’uko yari yapfunzwe ku ndirimbo yiwe yise Delegue General yarimwo abanyeshure batamba basa n’abambaye ubusa.
Raba hano musi iyo ndirimbo iriko iratera impari. None ubwo reta mvyeyi izomusubiza mw’ikosorero canke yoraba n’abandi baririmvyi basohora indirimbo ziteye isoni ‘bakabakosorera’ hamwe?