Mw’itangazo ryashizwe ahabona na Antonio Guterres yihanganisha reta y’ Uburundi, yamenyesheje ko Abasirikare b’ Abarundi batatu baguye mu migwano nabarwanya ubutegetsi mu gihugu ca Centrafrique.
Inyuma y’iryo tangazo, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, akaba yaciye avuga ko adaterwa ubwoba nivyo bitero.
Umukuru w’igihugu akaba yamirira kure ico gitero maze akavuga ko ‘abasirikare b’Uburundi batazoca bavayo’

Abasirikare b’Abarundi bari kugarukana amahoro muri Centrafrique bakaba bariyo mu mugambi wa ONU, MINUSCA.
Iryo tangazo rikaba rivuga kandi ko abasirikare batatu b’ Abarundi baciye bakomereka.
Amakuru amwe avuga ko hoba hapfuye abasirikare 10 b’abarundi muri ico gitero.
#Burundi: Naho imirwi yitwaje ibirwanisho bigaragara ko ibangamiye amasezerano y'amahoro muri #RCA, u #Burundi bwiyemeje kugumizayo ingabo zabwo gushika aho ico gihugu kivukanyi kandi kigenzi #RCA kizoronkera amahoro n'umutekano. https://t.co/L2Wi3yPeOs
— Kwa Ntare Rushatsi (@KwaNtare) December 26, 2020
Umukuru w’igihugu akaba, Ndayishimiye, akaba yavuze ko ‘reta ayoboye itazoterwa ubwoba n’iterabwoba ry’abadashaka amahoro muri Centrafrique’ gushika amahoro agarukanywe.
Ikinyamakuru canyu kikaba gihojeje Abarundi babuze muri iryo sanganya.
Secretary-General @antonioguterres strongly condemns today’s attacks by unidentified armed combatants on Central African national defense & security forces, and @UN_CAR peacekeepers: https://t.co/6GHMbXez96
— UN Spokesperson (@UN_Spokesperson) December 26, 2020





Recent Comments