UBM News ads

Ivyaranze Major Petero Buyoya

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Hari itariki 5 ukwezi kw’icenda 1987 niho Buyoya Pierre yafata ubutegetsi, akaba yahengereye président Bagaza Yohani ari mu nama y’abakuru b’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa yariko ibera mu gihugu ca Canada. Président Bagaza Yohani yaratangaye cane kandi nkuko vyemezwa n’abashikiranganji bari bamuherekeje muri Canada iyo nkuru akaba yayimenyeshejwe n’abazungu bari kumwe muriyo nama.

Agishika kubutegesti hadaciye n’imisi myinshi umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare, Colonel Edmond Ndakazi yaciye agwa mw’isanganya ry’indege avuye mu gihugu ca Congo arikumwe n’abandi basoda bakuru bakuru, iyo ndege ikaba yaguye mu kiyaga ca Tanganika. Benshi bakibaza ko yoba yaragandaguwe n’ikibombe cashizwe muriyo ndege nkuko vyagendeye umushikiranganji wo kwivuna abansi Colonel Firmin Sinzoyiheba mu mwaka wa 1996, igihe Buyoya Pierre yaragarutse kubutegetsi. Benshi bakavuga ko uwo Colonel Firmin Sinzoyiheba yahaririye cane na président Buyoya mu nama nshikiranganji, ari naho havuye ukutumvikana nawe.

Mu nyuma haciye haza urwimo rwa Ntega- Marangara mu ntara za Kirundo na Ngozi. Ubwo bwicanyi bwari bufatiye ku bwoko bukaba bwabaye mu mwaka wa 1988. Abantu bashika 5000 bakaba barahasize ubuzima nkuko vyamenyeshejwe na Aloys Kadoyi, yari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Bamwe bishwe n’abari bateye ako karere abandi bicwa n’abasirikare baje kugarura umutekano.

Kuva ico gihe président Pierre Buyoya yaciye atangura umugambi w’Ubumwe bw’Abarundi aho yaciye ashiramwo mu ntwaro no mubashikiranganji abo mu bwoko bw’abahutu, aha twovuga nk’igenwa ry’umushikiranganji wambere Adrien Sibomana. Munyuma haciye hatorwa amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi mu mwaka wa 1991, mu mwaka wa 1993 naho haca hatunganywa amatora umugambwe FRODEBU uca urayatsinda. Président Pierre Buyoya nawe aca aremera ko yatsinzwe. Ivyatangaje cane abo mu bwoko bwabatutsi yavamwo eka n’abarongozi b’umugambwe FRODEBU bakaba bari bamusavye ko ibintu vyogenda buhoro buhoro hakaba ico bise transition nkuko bimenyeshwa na Jean Marie Ngendahayo, Sylvestre Ntibantunganya bari bakomeye mu mugambwe FRODEBU. Bakaba babona ko bashobora kugandagurwa mu gihe batari bwamenye neza ingene ivyintwaro y’igisirikare bimeze.

Ibara rero rikaba ryaciye rigwa itariki 21 gitugugu 1993, Président Melchior Ndadaye n’abamufasha baragandurwa mw’ijoro rimwe, ubwicanyi buca buratangura mu gihugu cose, bamwe barahunga igihugu abandi bahungira mu gihugu hagati.

Président Buyoya akaba yagiye kugaruka kubutegetsi akuye président Ntibantunganya avuga ko vyamunaniye gutwara aje kugorora ivyagoramye. Ivyo benshi batemeye kuko babona ko ari we yagaba ingabo, nawe akavuga ari abasirikare bamuhamagaye ko atawundi yoshobora gutwara Uburundi.

Murico gihe ingwano yatangujwe n’umuhari CNDD-FDD yari yamaze kureta, abo nabo bakaba babona ko atabundi buryo bwo gusubira kubutegetsi no kwikingira ubwicanyi n’ikumirana atari gufata umuheto.

Pierre Buyoya yaciye asubira politike yiwe yise umugambi w’amahoro gushika aho hasinywa amasezerano ya Arusha mu mwaka w’i 2000. Abatutsi bakaba baronse ibice 40 kw’ijana mu ntwaro na 50 kw’ijana mu gisirikare, abahutu nabo baronka 60 kw’ijana mu ntwaro na 50 kw’ijana mu gisirikare, kandi ko atamukuru w’igihugu yatowe n’abarundi ijwi kw’ijwi azorenza ibiringo bibiri.

Ariko abarundi benshi bagumye bibaza uwagandaguye président Melchior Ndadaye n’abamufasha mw’ijoro rimwe abantu bagata izabo bagahunga abandi bakicwa. Président Pierre Buyoya akaba ashengeye adatanze umuco naho yaguma abihakana ubutungane bw’Uburundi nabwo bukaba bwari bumaze kumucira umunyororo wo guherayo hamwe n’abasirikare 18 bakuru bakuru ku ntwaro yiwe yo mu mwaka wa 1993.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments