Nta tangazo riraboneka rya Leta y’Uburundi k’urupfu rwa Major Pierre Buyoya. Azohambwa m’Uburundi canke mu mahanga ?

0

Ugiye ku mbuga ngurukana bumenyi haba kuri twitter canke facebook, uhasanga amasanamu menshi amenyesha urupfu rw’uwahoze arongoye Uburundi ibiringo bibiri vyose kuva 1987-1993 no mu myaka ya 1996-2003. Urwo rupfu rukaba rwamenyekanye mubucagucagu bwo kur’uyu wa gatanu itariki 18 kigarama.

Ariko nta tangazo rya Leta y’Uburundi canke tweeter iraboneka ihoza umuryango wiwe. Ikihari gusa ni twitter y’umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ivuga ko prezida Pierre Buyoya yitavye Imana bimenyeshejwe n’iradiyo y’abanyamerika VOA.

Eka no kumbuga ngurukana bumenyi z’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye nta candiko kivuga iyo nkuru kiriko. Benshi bakibaza igituma kandi prezida Buyoya Pierre yaratanguje ibiganiro hagati yimigwi igwana na Leta yiwe yico gihe. Ariko mu kibika ko bamwagiriza ko ari mu bishe prezida Melchior Ndadaye bikaba vyemejwe n’ubutungane bw’Uburundi biciye muri sentare ntahinyuzwa.

Gushika ubu ntiharamenyekana aho azofubwa kwari mu gihugu ciwe c’amavukiro canke mu mahanga.