Mu gihe hari hageze kwaja mu gihugu ca Kenya kwivuza ingwara y’amafyigo, umuririmvyi Karim Babel yaratahanywe muhira mukurindira kwaja kwivuza. Ariko hakaba hari impari zikomeye zaho azojanwa kuvuzwa. Ubwambere akiri mubitaro vy’abasirikare umuryango wa Karim Babel washaka ko yojanwa kuvuzwa mu gihugu ca Kenya.

Ariko munyuma umuryango wuwo muririmvyi ucuvuga ko ushaka ko uwabo yojanwa kuvuzwa mu bihugu vya buraya. Ivyatangaje benshi kuko amahera yo kuja mugihugu ca Kenya yaramaze gukwira. Abana babategetsi harimwo abana b’umukuru w’igihugu n’umugwizatunga Kazohera bakaba baratanze amahera yarakenewe angana n’ibihumbi 20 vy’amadolari.
Ababikwirikirana bakibabaza ko hoba hakenewe ayandi mahera kugira uwo muririmvyi ashobore kuja kwivuza iyo ashaka. Umuryango wa Karim Babel ukavuga ko kuri konte hari amahera angana imilioni 75, ko impapuro ziriko ziraronderwa, umurwayi nawe akaba aterwa imiti ari muhira.





Recent Comments