Kur’uyu wakairi, uwitwa Antoine Nyawakira, yari musitanteri wa komine
#Vugizo mu 1972 yumvirijwe n’umurwi kuri uyu wa kabiri kigarama n’umurwi CVR ujejwe kumenya ukuri ku mabi yabaye m’Uburundi.
Mu ntahe abacitse kw’icumu bashinga aho muri Komine Vugizo, izina ryiwe ryaragarutse ko yoba ari we yatanga amategeko mu kwica abantu ico gihe.
Uwundi yumvirijwe n’uwo murwi ni Samuel Nduwingoma, umusirikare yari Buramatari w’intara ya
#Bururi ico gihe. Bose bakaba baganiriye n’uwo murwi “ku vyo bazi ku vyabaye ico gihe” nk’uko Petero Claver Ndayicariye arongoye umurwi
#CVR abimenyesha.
Mwomenya ko umurwi CVR atamanza uca ariko utanga rapport muri Leta nayo igatanga rapport mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU imbere yuko hazoshingwa sentare ijejwe guhana ivyaha vyakozwe kuva ku ntwaro zabakoroni baba birigi.
Bamwe bakabona ko habanje gutumwako abantu bo mu bwoko bw’abatusti bakizera ko ubwoko bwose buzotumwako kugira bishure kubibazo vy’ababuze ababo umurwi CVR uvuga ko bari mu bwoko bwose.
Recent Comments