Icegeranyo c’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agatela ka zina muntu , Human Rights Watch rivuga ko impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu ca Tanzania zahohotewe, ziranyuruzwa hamwe no guhabwa inzego z’uburundi’ ku gahato muri aya mezi aheze.
Human Rights Watch ikavuga ko hari abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzania bapfungiwe muri District ya kibondo mu ntara ya Kigoma, aho bamwe bahohotewe birenze, abandi barungikwa mu gihugu c’Uburuundi kandi batabishaka.
Human Rights Watch ikavuga ko habaye ukwo guhohotera Abarundi bahungiye muri Tanzania kuva mu mpera za 2019 gushika mu kwezi kwa munani uyu mwaka wa 2020.
Ako gahahazo kakorewe impunzi z’Abarundi kakabba kabereye mu makambi ya Nduta na Mutendeli arimwo impunzi z’Abarundi zirenga 150 000 kuva mu mwaka wa 2015.

“Abategetsi ba Tanzania barahohoteye bikaze cane impunzi z’Abarundi kandi zaheruka guca mu mabi akomeye kuva mu Burundi, maze inzego za Tanzania zigahamagariwa kugira amatohoza yitondewe kugira ngo abakoze ayo mabi baje ahabona’, niko Mausi Segun aserukira Human Rughts Watch avuga
Human Rigust Whatch ikavuga ko ikora ayo matohoza mu kuvugana kuri telefone n’abakorewe amabi kugira ngo biyemeze neza ko batasohoye icegeranyo kitari co.
Reta ya Tanzania na reta z’uburundi ntaco ziravuga kuri ico cegeranyo ca Human Rights Watch ku bijanye n’uko izo mpunzi z’Abarundi zahohotewe gose.





Recent Comments