Imyidogo ni myinshi y’abanyagihugu b’i Karusi ijanye n’ibitaro “Hôpital du Cinquantenaire Natwe Turashoboye”. Kur’uyu wa gatandatu abarwizatunga bo muri iyo ntara barakoranye bararihira abanyagihugu bari bahapfungiwe kubera kubura amafaranga bariha bamaze gukira inyuma yo kwivuriza kuri ivyo bitaro.

Abarwizatunga bari barahuriye kuri ivyo bitaro kugira bafashe abo banyagihugu. Imiliyoni zine nizo zoba zaratanzwe kugira zirihire abanyagihugu batandatu bari basigaye bahapfungiwe mu gihe umushikiranganji w’ugufatana mu nda yari yaraye arihiye abandi.
Abanyagihugu b’i Karusi bakaba bidoga ko ivyo bitaro bizimvye cane ku buryo umunyagihugu mutoya bigora ko ahivuriza, benshi bavuga ko bagurisha agatongo iyo bahivurije.
Ubunyonyezi n’ibiturire vyoba biranga bamwe mu basitanteri batangisha amahera kugira batange icemezo ca ntahonikora be na bamwe mu bajejwe ibigega ku bitaro boba barihisha amafaranga bishakiye uwuzanye icemezo ko ari ntahonikora. Abanyagihugu bananirwa kuriha bagaca bapfungirwa mu bitaro.





Recent Comments