Ivyo bivugwa na Muganga Aimé Ndayizeye, atwara umugambi wo kurwanya ikiza ca SIDA n’ingwara zifatira mu bihimba vyirondoka. Akaba yabivuze kur’uyu wa mbere mugihe kur’uyu wakabiri amakungu ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya SIDA.

Ingwara ya Hépatite ikaba ititabwaho m’Uburundi, abayigwaye nabo bakaba bimenya mu kwivuza no kurondera incanco. Bikaba bihushanye n’ingene abagwayi ba SIDA bitabwaho bakaronswa imiti kubuntu.
Muganga Aimé Ndayizeye akaba atamenyesheje ingene iyo ngwara ya hepatite igiye kurwanywa ko abagwayi bazoronswa imiti n’incanco n’ibipimo kubuntu canke hakaba imigambi yo guhimiriza abenegihugu kwirinda iyo ngwara ya hepatite ifatira mu gitigu iciye mu maraso no guhuza ibitsina.





Recent Comments