UBM News ads

‘Birateye isoni abanyamadini barwana bapfa amahera n’ibibanza’, Gelase Ndabirabe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Daniel Gelase Ndabirabe nawe yagiye mu batagetsi batari bake bariko bakurira inkoni ku gishitsi abanyamadini barwanira amahera n’ibibanza mu mashengero yabo.

“Birateye isoni kubona abarongoye amadini barwana bapfa amahera canke izindi nyungu zabo”, ivyo bivugwa n’Umukuru w’Inama Nshingamateka, Umushingamateka GĂ©lase Daniel NDABIRABE yavuze igihe yari mu ntara ya Kayanza.

Muri ayo majambo bikaba biboneka ko ayavuga ayatumbereza ku bitwa ko ari abakirisi bo mw’idini rya Abasabato b’umusi w’indwi bamaze imisi bashamirana batana mu mitwe mu gihugu c’Uburndi.

“Mwebwe muja kurwanira icicumi kandi muvuga ko ari amafaranga afasha ishengero. Kubera iki mubesha abantu gutyo hama mukaja muvyo kumarana kandi muja imbere abandi”, niko Ndabirabe yavuze.

Ivyo kandi ntibiraba absabato gusa kuko usanga hari n’utundi tudumbidumbi tw’amadini usanga bama baryanye bapfa amafaranga n’ibibanza.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagatimu gihugu, Gervais Ndurakobuca atazirwa Ndakugarika, nawe aheruka kugirisha inama abasabato ko uwuzosubira kuvyura akajaghari azokwibonerako.

Budakeye na kabiri abo biyita ko ari abasabato baciye batana mu mitwe barakomeretsanya igihe maze igipolisi caza kubanguranya izo ntureka mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments