Kuva mu gitondo muri Leta Zunze Ubumwe bwa Amerika abanegihugu baho bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu, acatanga n’abashingamateka. Igipolisi kikaba cameze magabo kuko bikeka ko hashobora kwaduka imishamirano. Abagabo babiri bakaba aribo bahiganirwa ico kibanza aribo Joe Biden, aserukira umugambwe waba democrates na Prezida Donald Trump asanzwe arongoye ico gihugu gitunze cambere kwisi. Akaba aserukiraumugambwe waba conservateurs.

Joe Biden mu migambi yiwe akavuga kwashaka guha akazi abantu barenga imiriyoni 11 mugihe Donald Trump wewe avuga kwazoha akazi abantu bashika imilioni 15. Prezida Donald Trump akaba amaze gutanga ubuzi bwinshi abenegihugu benshi bakaba barasubiye ku kivi bivuye kuri politike yiwe yo kugarukana amahinguriro yimutse aja gukorera mu bindi bihugu atinya amakori, ayo makori akaba yaciye ayagabanya nawe acasaba ayo mahinguriro gutanga ubuzi.
Umukandida Joe Biden nawe ashira imbere gufasha abanyamerika bari hagati nahagati mu butunzi n’abatishoboye mukubavuza no gufasha abatararonka akazi, aho ni mugihe murico gihugu ca Leta zunze Ubumwe bwa Amerika Leta ititaho gufasha abantu ariko yitaho abakora ubuzi kuburyo habayo uwukomeye afise amagara n’amahera.
Ijoro ryiteye rero akaba ariho isi iza kumenya umukuru w’igihugu mushasha wa Leta zunze ubumwe bwa Amerika. Ico gihugu kikaba kirimwo abantu bashika imilioni zirenga gato 329 250 000 n’amaleta ashika 52, abashomeri bakaba bangana ibi 14,7 kw’ijana. Ariko mumusi umwe ivyavuye mu matora biza kuba bimenyekanye.





Recent Comments