Iyo nama ikaba iriko ibera ku mupaka Uburundi buhana n’Urwanda aho bita i Nemba. Abasirikare General Nyakarundi Vincent (RDF) na Colonel Ernest Musaba (FAB) bakaba aribo bariko barakoresha iyo nama.

Nkuko amakuru ava aho i Nemba, ivyo bisirikare bibiri bikaba biriko biraraba ukuntu bigwaniriza hamwe imirwi ishaka gutera ubutegesti bwivyo bihugu. Umurwi w’interahamwe ukaba ariwo murwi wakera ushaka kwigarurira ubutegetsi mu gihugu c’Urwanda. Iyindi mirwi ikaba yagiye iravuka kuruhande rw’Uburundi n’Urwanda.
Ivyagiye biracanishamwo ivyo bihugu bibiri bibanyi vyagirizanya gushigikira abariko barabagwanya. Iyo nama rero ikaboneka ko ivyo bihugu bigiye gusubiza hamwe bigasubira bikagira imigenderanire no guhana hana ibidandazwa.
Ariko hakaba habuzemwo igihugu ca Congo kibanyi civyo bihugu ari naho hagoye kugenzura. Ikibazo c’impunzi za politike zahunze naconyene kikaba kitaratorerwa inyishu kuko izo mpunzi hamwe zitashe zibaza ko zica zitabwa muri yompi zigaca zihitamwo kwirwanako. Abahinga mu vya politike bakabona ko hakenewe ibiganiro bihurikiyemwo bose kugira haboneke umuti urama.





Recent Comments