Amatora yo gutora umukuru w’Inama Nkenguzamateka akaba yabaye kuruyu wa 25 myandagaro 2020 i Gitega ahasanzwe hari icicaro cayo, Pasitori Emmanuel Sinzohagera akaba ariwe yatowe ngo ayirongore. Spès Caritas Njebarikanuye yagumye mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkengunzamateka, Cyriaque Nshimirimana nawe aba icegera c’umukuru w’inama nkenguzamateka.
Emmanuel Sinzohagera niwe wenyene yitoje mur’ico kibanza, ibishobora kuba bifise imvo zatumye atawundi bahiganwa, mubonako Pasitori Emmanuel Sinzohagera wo mw’ishengero rya Méthodiste Unie bivugwako yari umwizigirwa akomeye wa Nyakwigendara Petero Nkurunziza.
Emmanuel Sinzohagera akaba abaye uyundi mutegetsi ava mu ntara zo mu buraruko, akaba va mu ntara ya Ngozi. Intara ya Gitega Evaritse Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi, avamwo ikaba imaze kuronka ubushikiranganji bw’ubutungane mubibanza bikomeye mu gihugu. Abava muriyo ntara bakaba barishimye kubona baronka umukuru w’igihugu ava muriyo ntara kuko bazoca bava mubukene nkuko abava mu ntara ya Ngozi bari bagerageje kwiteza imbere ku ntwaro ya Petero Nkurunziza.
Abava mu ntara z’ubumanuko (sud) Makamba, Bururi, Mwaro, Rumonge bobo ubwanwa bwarapfutse umunwa havuyemwo Rutana ifise umushikiranganji wambere, General Full Alain Bunyoni. Ariko intara ya Bururi ikaba yaronse umukuru w’igisagara ca Bujumbura, CP Jimmy Hatungimana, ibitashimishije imvukira zo mu gisagara ca Bujumbura mugihe atawuvuka mu mairie ya Bujumbura yoja gutwara i Bururi. Ariko igikuru nugtwarwe neza mu mutekano no mwiterambere rya bose. Bikaba rero bitoroshe ku mukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, gusabikaniriza bose uhereye iwanyu. Bikaba bisaba ubutegetsi bufise inguvu zikwiye.





Recent Comments