Amakuru yashikiriye itangazamakuru ry’Abongereza ariryo Reuters amenyesha ko mu gitero cabaye mu ntara ya Rumonge muri komine Bugarama cahitanye abantu bashika kuri 16.
Nk’uko Reuters ibishira ahabona, ntibiramenyekana neza ko abo bapfuye boba ari abasirikare ba leta canke abarobeli canke mbere abanyagihugu.

Ikindi kinyanakuru kivuga ko abanyagihugu bashika kuri 11 aribo bahitanywe n’ico gitero co ku wa mungu ushira uwa mbere, mu gihe abarobeli batanu bahasize ubuzima.
Nk’uko ikindi kinyamakuru kibivuga, abateye baca bica ubwo nyene umunyagihugu bahura abandi bakabajana babagize inyagano mu gihe baba bariko bahangana n’igisoda ca reta y’Uburundi.
Hari nayandi makuru avuga ko bamwe bamwe boba bapfiriye mu bitaro bamaze kurokorwa n’igisirikare ca leta y’Uburundi.
Bikavugrwa kandi ko ico gitero cabaye kugira bituma impunzi ziri mu Rwanda vyitezwe ko zitahuka vuba zice zireka guhunguka nk’uko umutegetsi umwe wo muri reta yabivuze.
Mwomenya ko ico gitero cemanzwe ko cakozwe n’umugwi w’abarobeli urwanya reta y’uburundi ariwo RED Tabara usanzwe ucumbitse mu buseruko bwa Kongo mu ntara ya Sud Kivu.





Recent Comments