UBM News ads

Umukuru w’igihugu avuga ko Abategetsi bose babwirizwa kuvuga ubutunzi bafise

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mw’itangazo ry’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, haravuzwe ko Abategetsi bose babwirizwa kuvuga ubutunzi bafise mu ntango y’iki kiringo cabo c’imyaka indwi bazomara mu mabanga yabo.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yahamagariye abategetsi bose kwerekana amatungo yabo, ayo basanganywe imbere yo kwinjira munzego.

Ivy biri mu mugambi wa reta nkozi ya Ndayishimiye yo gutuza abarya ibiturire hamwe n’ababitanga kubera bituma iterambere ry’Uburundi.

Iyo ngingo iriko iratuma aba na bariya bagira ico bavuze ko hari abategetsi bamwe bamwe bigiye kuza birabagora kunyuruza amatungo y’igihugu.

Abihweza ibintu barabona ingene umutegetsi munaka yatunga mu kiringo giytoyi cane nk’imyaka 2 gusa ugasanga yubatse inzu itwara nka miliyoni 150 z’amarundi ku mushahara wiwe udashikana n’umuliyonii umwe ku kwezi.

Muri iyi misi nyene, umukuru w’igihugu yashize ahabona ko agiye gutanguza wa mugambi wo gushira udusandugu tw’ibirego kuri buri kibanza cose gikorerwamwo ubuzi bwa leta.

Mwomenya ko ako gasandugu kazokwugururwa gusa n’intumwa y’umukuru w’igihugu c’Uburumdi kugira yisomere ivyo abanyagihugu bazoba bashize ahabona we nyene.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments