UBM News ads

Haracari igipfungu cinshi ku gitero cabaye muri Bugarama kur’uyu wa mungu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umurwi w’abantu bitwaje Rirwanisho wateye muri komine Bugarama intara ya Rumonge, urasahura ibifungurwa n’ibitungwa ugenda utwaye n’abantu. Aho hakaba hari mu gatondo ka kare ko k’uyu w’Imana igenekerezo rya 23 myandagaro 2020.

 Abo bantu bakoze ico gitero bakaba baratwaye ku nguvu ibitungwa n’ibifungurwa muriyo komine ya Bugarama. Ayandi makuru akavuga ko abantu indwi nibo batwawe n’uwo murwi ahitwa mu Gahuni muri komine Bugarama aho bagiye babikoreje ivyo basahuye.

Itangazo ry’umuhari Red Tabara rikaba ryaciye risohoka haciye amasaha make ico gitero kibaye rivuga ko ibirindiro vy’uyo muhari vyatewe muri komine Bugarama bica birivuna.

Ayandi makuru nayo akavuga ko ico gitero catunganijwe n’imirwi y’Imbonerakure kugira isubire gukora kuva aho umukuru w’igihugu mushasha, General Major Evariste Ndayishimiye, atanguje ingingo yo kubasubiza mubuzima busanzwe.

Abanyagihugu bakaba bafise ubwoba bw’ababo batwawe n’abo bantu, bagasaba abajejwe umutekano kubafasha kugira abantu babo n’ivyasahuwe bigaruke.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments