UBM News ads

Uburundi na Soudan du Sud bisabwa kuba vyarishe intererano ya EAC mu kwezi kw’icenda

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo vyavuye mu nama y’urwego nshikiranganji y’umuryango w’ibihugu vy’akarerere ka Afrika y’Ubuseruko yabaye itariki 4 myandagaro 2020. Urwo rwego rukaba rwahaye ibihugu vy’Uburundi na Sud Sudan gushika itariki 15 nyakanga bizobe vyarishe iyo ntererano ahandi ho ibihano bizoca bitegurwa itariki 30 nyakanga n’inama nshikiranganji.

Uburundi bukaba buheranye 6,5 millions y’amadoliri. Ariko Yohani Bosco Barege, aserukira Uburundi mu gihugu ca Kenya amenyesha ko Uburundi bumaze kurira amahera angana imiliyoni 2,5 z’amadolari, ibivugwa kandi n’umushikiranganji ajejwe ibibazo vya EAC, Ambassadeur Ezéchiel Nibigira, ko Uburundi buheranye intererano y’umwaka umwe gusa nayo kandi akaba agiye gutangwa.

Ariko n’igihugu c’Urwanda kikaba giheranye intererano z’ibisata bigize EAC nk’inama nshingamateka, sentare ya EAC n’igisata c’ubushakashatsi n’amakaminuza ya EAC. Ibihugu vy’Uburundi na Soudan du sud navyo nyene bikaba biheranye mur’ivyo bisata. Igihugu ca Soudani yamaja ruguru kikaba giheranye imiliyoni 30 y’amadolari.  Ibihugu vya Tanzania, Kenya, Ouganda n’Urwanda bikaba vyararishe intererano vyari biheranye yose.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments