UBM News ads

Impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda zitangura gutahuka vuba

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda zitangura gutahuka vuba cane bitarenze indwi zibiri maze zisubire mu gihugu c’amavukiro.

Umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye, yavuze ko habaye Inama ku wa 13 Myandagaro 2020 hagati ya HCR, reta y’Urwanda na reta y’Uburundi ku kibazo c’impunzi.

Nkurikiye akavuga ko ivyavuye muri iyo nama ari uko impunzi z’Abarundi zigiye gutangura gutahuka mu ndwi zitarenze zibiri kugira hashirwe mu ngiro ibisabo vy’impunzi.

Nkurikiye akaba avuga ko guhera ku wa 27 uku kwezi turimwo impunzi za mbere zizoba zihungutse zigashika ku butaka bw’Uburundi.

Bikavugwa ko Abarundi bazoba bahungutse bazoshikira mu kigo cakira impunzi co mu ntara ya Ngozi.

Ikibazo c’impunzi cari kigize imisi gitera impari hagati ya reta y’i Gitega na reta y’i Kigali.

Impunzi z’Abarundi zishika hafi 60 000 nizo ziba mu nkambi ya Mahama mu Rwanda, abenshi muri zo bakaba bava mu ntara ya Kirundo.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments